Amakuru
27 mai 2022

Umurwi CVR wahindutse igikoresho c’umugambwe uri ku butegetsi aho kunywanisha Abarundi

Hakenewe ukuri kunywanisha, kuko ukuri guhengamye kuracanishamwo. Iyo ni yo ntumbero y’amashirahamwe 18 ataho yegamiye mu vya politike aheruka gusohora urwandiko rwiyamiriza icegeranyo cakozwe n’Umurwi w’ukuvugana ukuri n’ukunywanisha Abarundi. Ku bw’ayo mashirahamwe, umurwi CVR wari ubuze ivyangombwa vyose kugira ngo ukore neza. Ivyo washitseko na vyo bikaba bidafise ishingiro. Apollonie Simbizi, umunywanyi w’Ishirahamwe ry’Abarundi baba muri Canada, ABC, avugira ayo mashirahamwe yishize hamwe.