Amakuru
10 mars 2023

Umurwi CVR ugiye gutanguza ibiganiro vyo ku mugaragaro ku bafise ico bazi ku mabi yabaye mu Burundi

Abantu bose bafise ico bazi ku mabi yagiye arashikira Uburundi bagiye guhabwa ijambo ku mugaragaro babishikirize. Bivugwa na Pierre Claver Ndayicariye, arongoye umurwi wo kuvugana ukuri no kurekuriranira, CVR. Hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa 6 Ntwarante. Umurwi CVR umenyesha ko ari mu ntumbero yo gufasha abakoze amabi gusaba ikigongwe ku mabi bakoze, gutyo ngo bizofasha mu kunywanisha Abarundi.