Amakuru
3 juillet 2021

Umurwi CNIDH ntukwiye ikibanza ca « statut A »

Ugusubiza umurwi w’igihugu wigenga ujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu kuri « statut A » ngo kwerekana ko hari inyungu za politike muri iyo dossier, kuko ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ricibonekeza mu gihugu. Bishikirizwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima, arongoye urunani CAVIB. Ku bwiwe, umurwi CNIDH ntiwari ukwiye ico kibanza ca « statut A » mu gihe inyuruzwa, ihohoterwa, n’ubwicanyi bw’abantu bicibonekeza mu Burundi.