Amakuru
1 juillet 2024

Umurwi CNIDH ni wo utegerezwa kwishura ku kuburirwa gusubizwa hasi na ONU (A. Gateretse)

Leta isabwa kworohereza umurwi ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH mu kutivanga mu bikorwa vyawo kugira ushobore kwerekana ko wigenga koko. Ivyo bisabwa n’ishirahamwe ACAT-Burundi. Anitha Gateretse, ajejwe gutunganya ibikorwa muri iryo shirahamwe, avuga ko umushikiranganji w’Agateka ka zina muntu atari we yari kwishura kw’igabishwa ry’uwo murwi ko ushobora gukororwa n’Inama ijejwe agateka ka zina muntu muri ONU.