Amakuru
24 août 2021

Umurundi yahungiye mu Rwanda yitabiriye amahiganwa bita Jeux Paralympiques ariko abera i Tokyo

Parfait Hakizimana, Umurundi yahungiye mu gihugu c’Urwanda yitabiriye amahiganwa y’abagendana ubumuga bita Jeux paralympiques ariko abera i Tokyo guhera kuri uyu wa 24 Myandagaro uno mwaka. Uwo mukinyi wa Taekwondo akaba yamenyekaniye mu nkino zabereye mu gihugu c’Urwanda, aho yashoboye gutwara imidali itari mike.