Amakuru
10 septembre 2021

Umurundi yagarukiye hagati mu mahiganwa ya « paralympiques » i Tokyo

Parfait Hakizimana, umusore w’impunzi y’Umurundi akina Taekwondo yari yitabiriye amahiganwa mpuzamakungu bita « paralympiques » y’abagendana ubumuga, yabereye i Tokyo mu Buyapani, ntiyagize amahirwe yo gutahukana igikombe. Imvune yagize mu gice ca munani gishira ica nyuma aho yariko atana mu mitwe n’umukinyi w’umunya Brésil yatumye atabandanya ihiganwa. Ariko n’aho biri uko, Parfait Hakizimana avuga ko yahungukiye vyinshi.