Amakuru
10 août 2023

Umupolisi yabonetse ariko arashira ahabona igiturire kiribwa n’abapolisi, yategerezwa kurekurwa

Ihagarikwa n’ipfungwa ry’umupolisi yabonetse ku mbuga ngurukanabumenyi ariko anegura bagenzi we barya ibiturire mu nyubakwa z’igipolisi kijejwe gukurikirana uruja n’uruza rwo mw’ibarabara PSR hamwe no muri meri ya Bujumbura, bihonyanga amategeko. Umwihwezo ni uwa Janvier Bigirimana, yanonosoye amategeko akaba no mu baharanira agateka ka zina muntu. Ku bwiwe, ivyashikirijwe n’urya mupolisi ni ukuri kuko atari we wa mbere abivuze ku mugaragaro. Umushingwamanza Janvier Bigirimana akabona ahubwo ko inzego z’ubutungane zari zikwiye gukora amatohoza ku bijanye n’ico giturire uwo mupolisi yavuze.