Amakuru
9 novembre 2023

Umunyororo w’ubuzima bwose n’ugufatirwa ivyo atunze, ni co gihano casabiwe Alain Guillaume Bunyoni

Urubanza rwa Bunyoni rwari rumaze iminsi ine rwasozerewe kuri uno wa kane. Uwo yahoze ari umushikiranganji wa Mbere akaba yasabiwe gupfungwa ubuzima bwiwe bwose, n’amatungo yiwe agafatwa. Abaregwa ko basangiye icaha bo basabiwe gupfungwa imyaka 30. Ariko abarengukishijwe bose muri iyo dosiye bakaba bahakanye ivyo baregwa.