Amakuru
26 août 2023

Umunyamabanga wa ONU akwiye kugira ico akoze ku nzego za ONU zidatabara abanyagihugu bicwa

Ikibazo c’inteko za ONU ziri mu gihugu ca Congo n’igisirikare badatabara abanyagihugu b’imirwi imwe imwe ikorerwa ubwicanyi bw’agahomerabunwa kiracari ikibazo kugira umutekano ugaruke mu buseruko bwa Congo. Iyo ni imwe mu mvo zatumye urunani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi mu buseruko bwa Congo bandikira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku munsi wa gatatu uheze, banegura ingene izo nzego zabaye indorerezi mu gihe zategerezwa gutabara abo banyagihugu. Umushingwamanza Jean Paul Shaka, umwe mu bagize urwo runani, anegura ingene henshi ivyo bitero biba iruhande y’ibirindiro vya MONUSCO. Bagasaba António Guterres kwubahiriza umutekano w’abanyagihugu b’ako gace hamwe n’uw’abashingwamanza babunganira.