Amakuru
8 mai 2023

Umunyamabanga mukuru wa ONU araremesha akarere ko ikibazo ca Congo kigiye gutorerwa umuti

Ibiganiro birabandanya, ego bigenda gahoro ariko ndizera neza ko amasezerano y’i Nairobi na Luanda azotora inyishu ibereye ku vyo abanyagihugu ba Congo bakeneye. Ivyo ni ibivugwa na António Guterres, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, aho yariko arahumuriza akarere ku kibazo c’umutekano mu gihugu ca Congo. Yariko yishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru inyuma y’inama igira 11 y’abakuru b’ibihugu n’amaleta yateye ibikumu ku masezerano y’amahoro n’umutekano muri Republika ya Congo iharanira demokarasi n’akarere k’ibiyaga binini. Ku bwa António Guterres, ni ikibazo kitoroshe ariko ibiganiro biri mu nzira nziza.