Amakuru
23 novembre 2022

Umuntu wese ategerezwa kwumva ko kwubahiriza ivyo muganga yandikiye umurwayi bimuraba

Abarwayi bahamagarirwa kwubahiriza ivyo abaganga babandikira. Ni akamo gaterwa na Isidore Ntiharirizwa, umwunganizi w’umushikiranganji w’Amagara y’abantu. Yabivuze mu gihe amakungu ariko ahimbaza indwi yahariwe kurwanya indwara zitumva imiti, ku matariki 18-24 Munyonyo. Akavuga ko abantu bose vyega bategerezwa guhaguruka kugira ingendo yo kutubahiriza imiti ihinduke.