Amakuru
16 février 2023

Kugira ikarashishi ni kimwe mu bigabanya impamvu zo kurwara cancer

Kunywa itabi, kudakora ikarashishi, kunywa inzoga z’umurengera, ivyo biri mu bituma indwara ya cancer igwira. Ako ni akagohe muganga Isidore Ntiharirizwa, umwunganizi w’umushikiranganji w’Amagara y’abantu, yavuniye abanyagihugu, mu gihe kw’igenekerezo rya 15 Ruhuhuma hariko hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara ya cancer. Muganga Isidore Ntiharirizwa agahimiriza abantu kwama bipimisha kare iyo ndwara amazi atararenga inkombe.