Amakuru
16 mai 2023

Umuntu akuwe mu kazi ka leta arafise uburenganzira bwo gukorera abigenga

Ugutegeka amashirahamwe yikorera utwayo guhagarika amasezerano y’abakozi birukanywe muri leta guhonyanga amategeko. Iyo ni insiguro itangwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, umuhinga mu bijanye n’amategeko y’akazi. Iyo ngingo yemejwe mu Nama nshikiranganji yo ku munsi wa gatatu mu ndwi iheze. Ku bwa Janvier Bigirimana, ngo gukurwa mu kazi vyonyene ni igihano, na cane cane ko ukwo gukurwa gushobora kuba ari akabonero canke gufatiye ku mvo za politike. Ati nta n’itegeko ritanga uburenganzira bwo gukurikirana umuntu biciye muri iyo nzira.