Amakuru
21 novembre 2022

Umumenyeshamakuru wa Iwacu yari yatangajwe ko yabuzwe irengero yamenyesheje ko ariho

Inyuma y’iminsi ibiri hatangajwe ko yabuzwe irengero, Jérémie Misago, umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru Iwacu yamenyesheje ko ari muzima. Kuva ku munsi wa gatandatu, umuryango wiwe hamwe n’abakoresha biwe bari batangaje ko batazi iyo ari. Mw’ireresi we nyene yifatiye, yemeza ko akomeye, kandi atanyurujwe. Ariko rero agasa n’uwuvuga ko atazi ingene aho hantu ari yahashitse, asa n’uwubivugana ubwoba.