Amakuru
23 novembre 2022

Inyuma y’iminsi 3 ata wuzi iyo ari, umumenyeshamakuru Jérémie Misago yarashikirijwe umuryango wiwe

Umumenyeshamakuru Jérémie Misago akorera ikinyamakuru Iwacu yashikirijwe umuryango wiwe n’igipolisi c’Uburundi ku muhingamo wo kuri uyu wa kabiri. Akaba yari yaraye mu gasho k’ibiro vy’iperereza kugira igipolisi kigire amatohoza kuri iyo minsi yari amaze ata wuzi iyo ari kuva ku munsi wa gatandatu. Misago we nyene yamenyesheje ko yari yagiye ku musozi wa Magara mu ntara ya Rumonge gusenga. Yemeza ko ata yindi mvo yamutumye agenda ata n’umwe abwiye. Akaba yabonetse inyuma y’aho kuva kuri uyo munsi wa gatandatu umuryango n’abo bakorana bari bamubuze, mu gihe yari afise urubanza rwo kuja kwerekana uwo bazokwubakana ari na co cateye amakenga ico gihe.