Amakuru
12 juillet 2024

Umumenyeshamakuru Gérard Nibigira ntakwiye gukurikiranwa n’ubutungane (I. Muhozi)

Umumenyeshamakuru Gérard Nibigira wa Radio Isanganiro ntakwiye gukurikiranwa imbere y’ubutungane kuko nta caha na kimwe yagirizwa uretse ko ariko arakorerwa irementanya. Bivugwa na Innocent Muhozi, arongoye ikigo OPB kijejwe guhanurana hagati y’ibimenyeshamakuru mu Burundi. Abivuze inyuma y’aho uwo mumenyeshamakuru yitwariwe n’uwurongoye igipolisi mu ntara ya Gitega amukubaguye akongera akamwitwarira mu butungane. Muhozi akavuga ko leta y’Uburundi ata na kimwe yunguka mu guhohotera abamenyeshamakuru ahubwo bituma n’amakungu atayizera na gato. Agasaba ko uwo mumenyeshamakuru atokurikiranwa kuko ariko azira umwuga wiwe.