Amakuru
31 octobre 2023

Umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye yimuriwe mw’ibohero rikuru rya Bubanza

Umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye yimuriwe kuri uyu wa mbere mw’ibohero rikuru ry’i Bubanza inyuma y’ijoro rimwe yaraye mw’ibohero rya Mpimba mu gisagara ca Bujumbura. Mu baharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, ngo hamwe yoba yimuwe kugira ashirwe mw’ibohero ryegereye umuryango wiwe ngo yongere abonane n’umuganga amukurikirana, vyoba ari vyiza. Ariko rero umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi, aributsa ko ikibanza ca Floriane Irangabiye kitari mw’ibohero kuko apfunzwe ku karenganyo. Agasaba y’uko yorekurwa.