Amakuru
26 août 2021

Umukuru w’igihugu niwe mucamanza mukuru, ntiyari akwiye kwidogera ubutungane

Umukuru w’igihugu ngo ntiyari akwiye kwidogera ubutungane ko budakora neza kuko ngo ariwe mucamanza mukuru. Ni ibivugwa na n’umushingwamanza Jeanne d’Arc Zaninyana, umunyamabanga mukuru w’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Kuri we, ngo vyerekana ko hageze ko Evariste Ndayishimiye akorera ubwo butungane.