Amakuru
12 octobre 2021

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye arasigura icatumye ahagarika amasezerano n’abacukura ubutare

Ihagarikwa ry’amasezerano hagati y’amashirahamwe yimba ubutare na leta yabaye kubera utunenge twinshi twayaranga. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu Evelyne Butoyi. Yamenyesheje ko amasezerano mashasha azoza yubahiriza inyungu z’Abarundi bose. Akaba yabishikirije ku munsi wa gatanu uheruka igihe haba ikiganiro caremeshejwe n’abavugizi b’inzego zitandukanye za leta.