Amakuru
8 mars 2022

Ukwisunga akarangamutima k’umwuga kuzotuma abakozi ba leta berekana ubumenyi

Abakozi bakuru bakuru ba leta bagiye kuza baratera umukono ku mategeko ngenderwako y’akazi. Ayo mategeko akaba ari na yo azofatirwako kugira ngo akazi kabo gasuzumwe uko gakorwa. Vyashikirijwe na Evelyne Butoyi, umuvugizi w’umukuru w’Igihugu. Evelyne Butoyi yabishikirije kuri uyu wa gatandatu uheze aho hasozerwa umwiherero w’iminsi ibiri wateguwe n’umukuru w’Igihugu, ukaba wakoranije indongozi zitandukanye. Evelyne Butoyi yamenyesheje kandi y’uko hashizweho n’umurwi ujejwe gukurikirana uko ivyo bikorwa bigenda.