Amakuru
1 mars 2021

Umukuru w’igihugu ca Kenya niwe yagenwe kugira arongore umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko

Umukuru w’igihugu ca Kenya niwe yagenwe na bagenziwe bo mu karere kugira arongore umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko (EAC mu mpfunyapfunyo). Aho hari ku musi wa gatandatu w’indwi iheze, igihe abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango bakora inama babicishije ku ngurukanabumenyi. Ico gihe nyene, akaba ariho hahera ikiringo ca Libérat Mfumukeko, yari umunyabanga mukuru w’uwo muryango.