Amakuru
10 juillet 2023

Umukuru w’Igihugu ategerezwa gukora ibishoboka kugira igihugu ntikigwe mw’ihumbi

Ubutungane bubi n’ukubesha kuri kahise k’Uburundi biri muri bimwe bishobora gutuma igihugu kigwa mw’ihumbi. Iyo nsiguro itangwa n’uwiyise « Amashurwe y’Umurinzi », mw’ikete aheruka kwandikira umukuru w’Igihugu. Umurinzi ukaba ari kimwe mu biti vyari vyubashwe mu gihe c’abami. Uwo yanditse iryo kete agafatira ku karorero ka Clément Nkurunziza avuga ko avundiye mu munyororo ata co azira. Akavuga kandi umurwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira, aho yerekana ko CVR ata kindi ikora atari ukubesha kuri kahise k’Uburundi, mu ntumbero yo guteranya Abarundi. Iryo kete ryashizwe ahabona n’ishirahamwe Bene Burundi. Athanase Karayenga arirongoye, atanga insiguro n’igituma c’iryo zina ry’Amashurwe y’Umurinzi, n’igituma iryo kete ryanditswe.