Amakuru
22 décembre 2023

Umukuru w’Igihugu aguma afata minenerwe ivy’agateka ka zina muntu mu Burundi (A. Gateretse)

Ivyashikirijwe n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yemeza ko agateka ka zina muntu kifashe neza mu gihugu, ngo vyerekana ko asuzugura ibijanye n’agateka ka zina muntu. Bishikirizwa na Anitha Gateretse, ajejwe gutunganya ibikorwa mw’ishirahamwe ACAT-Burundi. Ku bwiwe, ngo Ndayishimiye ntiyari kuvuga uko mu gihe Abarundi isinzi bari mu buhungiro, mu gihe kandi amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike co kimwe n’ibinyamakuru vyugawe, hatibagiwe n’ipfungwa ry’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye ata kindi ariko arazira atari umwuga wiwe.