Izindi mvugo zivuguruzanya mu butegetsi. Ni iy’umukenyezi w’umukuru w’Igihugu hamwe n’iy’ubushikiranganji bw’Imigenderanire n’ayandi makungu, ku bijanye n’abigeme n’abakenyezi barungikwa muri Arabie Saoudite. Angeline Ndayishimiye avuga ko atewe impungenge n’uburyo bubi abo bigeme bashikiramwo agasaba kugenza buhoro bakamenya iyo bagiye uko hifashe imbere yo kujayo. Ivyo yabisavye ku munsi wa kabiri atahutse avuye i Kigali aho yari yatumiwe mu nama. Ariko ku ruhande rwiwe, Inès Sonia Niyubahwe, umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, we yamenyesheje ko abo bigeme ata kibazo na kimwe bafise. Hari ku munsi wa gatanu w’indwi iheze, inyuma y’aho ireresi yahanahanywe ku buhinga ngurukanabumenyi yerekanye abigeme bariko bidogera uburyo bakiriwe bageze muri ico gihugu.
Amakuru
19 juillet 2023