Amakuru
16 octobre 2021

Umukenyezi mwirimizi w’Umurundikazi ntafise ikibanza yabwirizwa kuba afise mu kibano

Itariki 15 Gitugutu ni umunsi wahariwe umukenyezi mwirimizi kw’isi. Icivugo c’uno mwaka kikaba ari « Abakenyezi birimizi bimburira neza bose ». Mu Burundi uwo mukenyenzi ngo niwe akora vyose mu rugo, ariko ngo nta kibanza gikwiye ahabwa. Ivyo bigatuma adashobora kwimbura vyinshi kandi vyiza. Ivyo bivugwa na Catherine Mabobori, aharanira Agateka k’abakenyezi. Agasaba ko hoshirwaho itegeko ryotuma umukenyezi agira uburenganzira ku butaka no ku bundi buryo bwotuma yisununura mu mirimo yiwe, na cane cane uwo kurima.