Amakuru
30 décembre 2020

Umuhisi Petero Buyoya ngo ari mu bashigikiye guharanira agateka k’umukenyezi

Umuhisi Petero Buyoya ngo ari mu bashigikiye guharanira agateka k’umukenyezi n’ukurwanya amabi canke akarenganyo gakorerwa abakenyezi mu Burundi no kugira baronke ibice 30 kw’ijana mu nzego zitwara igihugu. Bivugwa na Mabobori Catherine yahoze ari umushingamateka. Uyo mupfasoni avuga kandi ko yamwigiyeko vyinshi aho yakunda kuvuga ko muri politike umuntu ategerezwa gukorana na bose harimwo nabo badasangiye ivyiyumviro.