Amakuru
3 mars 2021

Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi watanguje iradiyo bise « WAKANDA, Umukenyezi w’ibikorwa »

Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi watanguje iradiyo bise « WAKANDA, Umukenyezi w’ibikorwa ». Immaculée Hunja, arongoye uwo muhari, amenyesha ko iyo radiyo ifise intumbero yo kuzoha ijambo umukenyezi wese n’ukuzomenyekanisha ibikorwa vyiwe. Biciye kuri iyo radio nyene, impunzi z’abarundi zizoronka akaryo ko gushikiriza ingorane zifise mu bihugu vyabakiriye.