Amakuru
4 octobre 2023

Umuhari uvugwa na MONUSCO mu kunyegeza ihonyabwoko ry’Abahema (Me Savo)

Umuhari w’iterabwoba witwa milice du Zaïre, nk’umurwi ujejwe gucungera umutekano w’Abahem,a ntiwigeze ubaho mu ntara ya Ituri. Ahubwo ababivuga ni ukugira bahende abantu baronke ico bireguza ku bwicanyi bukorerwa abo mu bwoko bw’Abahema aho bagandagurwa inzego z’umutekano zaba iza ONU canke iza leta ya Congo ntibatabare. Umushingwamanza Jospin Mateso Savo, umwe mu baserukira ubwoko bw’Abahema mu ntara ya Ituri, akaba abivuze inyuma y’aho Bintou Keita, umukuru wa MONUSCO, avugiye ko mu mirwi ihungabanya umutekano harimwo umuhari wa milice du Zaïre. Akaba yabishikirije mu nama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, hari ku ndwi iheze.