Amakuru
23 novembre 2021

Umuhari MFFPS urasaba irekurwa rya Béatrice Nyamoya

Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi urasaba abategetsi b’Uburundi ko ubuzima bwa Béatrice Nyamoya bwokwubahirizwa. Bishikirijwe n’umushingwamanza Immaculée Hunja, arongoye uwo muhari. Akaba yabishikirije inyuma y’aho Béatrice Nyamoya bavuga ko yahagaritswe bidaciye mu mategeko kuri uyu wa gatandatu uheze. Me Immaculée Hunja arasaba kandi leta y’Uburundi ko uwo mupfasoni yorekurwa mu gihe ata caha kiramwagira hanyuma amatohoza akabandanya ariko yigenga.