Ibikorwa ry’umurwi ujejwe kumenya ukuri n’ukunywanisha Abarundi bibandanya gusamaza Abarundi bari biteze ko umunsi umwe bazomenya ukuri ku ndyane zahekuye Uburundi. Bivugwa n’umukuru w’umugambwe UPD-Zigamibanga, inyuma y’aho uwurongoye umurwi CVR amenyeshereje ko hagiye gushirwaho abakomiseri batatu badasangiye ubwoko bazofasha mu kwumviriza ku mugaragaro Abarundi bafise ico bazi ku bwicanyi bwo mu myaka ya 72 n’iyindi. Ku bwa Chauvineau Mugwengezo, uwo murwi uriho kugira ube urakoresha mu migambi yawo amafaranga y’abanyagihugu, na yo ukuri nyakwo ntikuzopfa kumenyekanye.
Amakuru
10 mars 2023
