Amakuru
18 février 2022

Umugambwe CNDD-FDD witwara nk’urwego rw’umutekano canke ugasubirira intwaro

Jérémie Nshimirimana, arongoye inama mpanuzwajambo ya komine Kiremba mu ntara ya Ngozi na Léonidas Nshimirimana bari bahagaritswe kubera bari bashize ahabona ubusuma buriko bukorwa na musitanteri wa komine Kiremba. Bivugwa na Gabriel Rufyiri, arongoye Ishirahamwe rirwanya ibiturire n’isesagura ry’amatungo ya leta (OLUCOME). Gabriel Rufyiri amenyesha kandi ko biteye isoni kubona abo bagabo babiri bahagarikwa n’uwusanzwe arongoye umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Ngozi kandi ata bubasha abifitiye. Ariko rero Jérémie Nshimirimana na Léonidas Nshimirimana bahavuye barekurwa ku mugoroba wo kuri uyu wa kane.