Amakuru
29 janvier 2021

Umugambi wo gufatanya amashirahamwe abiri Air Burundi n’ishirahamwe SOBUGEA rijejwe ibikorwa vy’ubuhinga ku kibuga c’indege ca Bujumbura si uw’uyu musi

Umugambi wo gufatanya amashirahamwe abiri Air Burundi n’ishirahamwe SOBUGEA rijejwe ibikorwa vy’ubuhinga ku kibuga c’indege ca Bujumbura si uw’uyu musi. Kuva umwaka wa 2017, vyaravugwa nk’ibihuha ariko ata vyinshi bivugwa ku bijanye n’ingene uwo mugambi uzoshirwa mu ngiro. Ntibikiri ibanga ariko, integuro y’itegeko iherutse kwigwa n’inama nshikiranganji yo ku wa 24 Kigarama 2020. Ugufatanya ayo ashirahamwe hazovamwo ishirahamwe rishasha ryitwa Burundi Airlines rizoba rijejwe gufatanya ivyahora bikorwa n’ayo mashirahamwe abiri. Mu runani rw’ibimenyeshamakuru Radio Inzamba agateka kawe, RPA na Télé Renaissance mu kiganiro « Karahara mu ruganda ntibacura », barabitwiganira.