Amakuru
28 octobre 2021

Ukwongereza ingabo z’Uburundi hanze (ONU), biri mu biriko biraganirwa

Umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni yamenyesheje Jean Pierre Lacroix, icegera c’umunyamabanga mukuru w’isharahamwe mpuzamakungu ONU, ko aje kugendera Uburundi mu gihe ciza, igihe Uburundi buriko butsimbataza amahoro n’umutekano. Ivyo bikaba vyavuye mu mubonano wabaye kuri uyu wa kabiri hagati y’abo bategetsi babiri. Vyavuzwe na Moïse Nkurunziza umuvugizi w’umushikiranganji wa mbere.