Amakuru
12 janvier 2022

Ukwongereza amasoko y’amazi bizotuma isuku ryiyongera bishimishije mu gihugu

Kugwiza igitigiri c’amasoko y’amazi meza bizofasha kugira isuku rirushirije mu gihugu. Uwo ni umugambi leta igiye gushira mu ngiro. Bishikirizwa na Ir Ibrahim Uwizeye, umushikiranganji w’Ubutare n’agataka. Avuga kandi ko uwo mugambi uje gukomeza uwari usanzwe wararanguwe, wo kwubaka umugende w’amazi wa Muzenga-Kanazi.