Hariko haraba kuva kw’igenekerezo rya 9 gushika ku rya 11 Gitugutu, mu gisagara ca Bujumbura, inama rukokoma ihuza abakenyezi b’imboneza ku ncuro yayo ya kane. Iyo nama yatunganijwe n’ibiro vy’umukenyezi w’umukuru w’Igihugu OPDD ku civugo : « Uruhara rwo gutunganya imvyaro mu miryango, nk’inzira ibereye yo gufungura neza no gushigikira iterambere rirama ». Umukenyezi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Angeline Ndayishimiye, amenyesha ko iyo imvyaro zegeranye bibangamira abakenyezi n’ibibondo bibarutse, ibituma n’iterambere kuri abo bantu ridashoboka.
Amakuru
10 octobre 2023