Amakuru
4 mai 2022

Ukutumvikana ku vyabaye mu 1972 : kuri bamwe ubwicanyi ku Batutsi, ku bandi ihonyabwoko ku Bahutu

Umugambi wo kwiganzura Abatutsi bari ku butegetsi mu mwaka w’1972 wari warateguwe n’akarwi kari karongowe na Céleus Mpasha be n’intwazangabo komanda Misigaro. Bivugwa na Célestin Magenge, avuga ko yitabira amanama yabo. Ariko kubw’Urunani rw’abacitse kw’icumu, ubutegetsi ni bwo bwishe Abatutsi kugira buronke icitwazo co guhonya Abahutu.