Amajambo aryoshe y’abategetsi b’Uburundi, harimwo Evariste Ndayishimiye, ni ayo guhuma amaso amakungu. Kuko ukutihanganirana muri politike, guhasha imigambwe itavuga rumwe na leta n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, hamwe n’ukunyonyeza amatungo y’igihugu, ni vyo biranga ubutegetsi. Ivyo bishikirizwa na Fortuné Gaétan Zongo, intumwa idasanzwe ya ONU iraba uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi. Akaba yabivuze mu ndwi iheze imbere y’umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu i Genève.
Amakuru
10 juillet 2023