Amakuru
26 novembre 2021

Ukurwanya amabi afatiye ku gitsina bisaba inguvu z’Abarundi bose

Leta y’Uburundi irararikira Abarundi n’abanyamahanga baba mu Burundi kugira ico bafashije ngo barandurane n’imizi amabi afatiye ku gitsina. Mw’itangazo ryashikirijwe n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo gufatana mu nda, hatanguzwa icese isekeza ry’iminsi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi, Félix Ngendabanyikwa yemeza ko leta y’Uburundi mu kurwanya bene ayo mabi, yabicishije mu gushigikira umukenyezi mw’iterambere.