Amakuru
15 mars 2023

Ukuja inama n’ingingo hagati y’aberwa n’ibibazo vyo mu Burundi ni inzira y’umuti

Nta gituma na kimwe haba ukwinubana hagati y’abategetsi n’amwe mu mashirahamwe y’abadaharanira ivyicaro vya politike, mu gihe bose baharanira iterambere ry’igihugu. Ukwo ni ko amashirahamwe abiri PARCEM na OLUCOME yahawe umubonano n’umushikiranganji wa Mbere Gervais Ndirakobuca kuri uyu wa kabiri avuga. Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM ryinshinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo, avuga ko banezerewe kubona bahuza ku bibazo bihanze igihugu mu bijanye n’ubutunzi n’imibano. Bakizera ko iyo ari intambwe ishobora gutuma umuti uboneka.