Amakuru
8 août 2023

Ukugurisha ibibanza vyasubiye mu minwe ya leta kurahagaritswe

Ubushikiranganji bw’Inyubako buragabisha abashaka kugurisha no kugura ibibanza vyasubiye mu minwe ya leta, kubera abari babihawe ubwa mbere batashoboye kuvyungukamwo. Umushikiranganji Dieudonné Dukundane yabimenyesheje mu mpera z’indwi iheze. Avuga ko amasezerano azoba hagati y’impande zibiri z’uwugurisha n’uwuguze ata gaciro azoba afise kuko leta yisubije ivyo bibanza kugira izosubire kubitanga ku bafise ubushobozi bwo kuvyubakamwo.