Amakuru
1 février 2024

Ibiduga binini bizoca mw’ibarabara rishasha rizohuza amabarabara y’igihugu 1 na 9 (D. Dukundane)

Mu minsi iza hazofatwa ingingo yo kudasubira kwubaka ku nkengera z’inzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo bimenyeshwa n’umushikiranganji w’Inyubako. Dieudonné Dukundane yabivuze ejo aho yariko agenzura inzuzi. Akavuga ko imyuzurira yazo ituma haba agahombo k’imiliyaridi 100 ku mwaka z’inyubakwa. Yanamenyesheje ko hari ibarabara rishasha ririko rirubakwa rigenewe imodoka nini nini gusa, kugira ayandi mabarabara akingirwe.