Amakuru
18 mai 2022

Ukudaserukirwa kwa leta kw’ipfubwa rya Stanley Nduwayo, batazira Maradona, kwarababaje cane

Umubabaro wari wose kw’ishingurwa ry’umukinyi rurangiranwa w’Umurundi Stanley Nduwayo, batazira Maradona. Uwo yahoze ari kizigenza w’umurwi w’igihugu w’umupira w’amaguru yitavye Imana ku munsi wa gatandatu, itariki 14 Rusama. Ikiziga ciwe cari caherekejwe n’abo bakinanye muri uwo murwi. Muri bo hakaba harimwo Juma Mossi, nawe nyene yigeze kuba kizigenza w’uwo murwi. Aho rero Juma Mossi yaraneguye kubona ata n’umwe yaserukiye leta muri urwo rubanza n’amosozi atari make akaba yarakorotse. Akaba yibukije akigoro kadasanzwe abakinyi b’umurwi w’igihugu bagira, kuri we rero ivyo bikaba vyotuma leta ibaha icubahiro bakwiye.