Amakuru
4 avril 2023

Ukubandanya kw’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu kwasubiye kwerekanwa imbere y’abahinga ba ONU

Amabi y’ubwoko butandukanye ni yo aranga ubutegetsi bw’Uburundi. Amwe muri ayo mabi akaba yarashikirijwe abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bajejwe agateka ka zina muntu, ni mu gihe hakoranye inama kuva ku wa mbere uheze igenekerezo rya 03 Ndamukiza i Genève. Anitha Gateretse akaba ari muri iyo nama aserukiye ishirahamwe rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi, avuga ko mu vyo yashikirije yahagaze ahanini ku bijanye n’amabi afatiye ku gitsina hamwe n’ibitigiri vy’umurengera vy’abanyororo aho ivyo bitigiri vyarenze ibitegekanijwe kugera ku bice 765 %. Anitha Gateretse avuga ko ico bizofasha ari uko igisata ca ONU gifatira kuri ivyo bahabwa n’amashirahamwe y’agateka ka zina muntu mu gusaba leta ko yubahiriza agateka ka zina muntu.