Amakuru
3 septembre 2022

Ugutunga ibirwanisho bitemewe n’amategeko gukwega amabi ku babitunze n’imiryango yabo

Ku munsi wa kabiri itariki 30 Myandagaro, ni ho hashoboye guhimbazwa mu Burundi umunsi mpuzamakungu wahariwe guturira ibirwanisho, uwo munsi ukaba mu bisanzwe uhimbazwa kw’isi itariki 9 Mukakaro. Ibirori bikaba vyabereye i Bubanza, ku civugo : « Dukorere hamwe mu kurwanya ibirwanisho bitunzwe bitemewe n’amategeko hamwe n’amabi abikomokako ». Mu birwanisho vyasambuwe hakaba harimwo inkoho 212 n’amabombe 210. Ku bwa général-major Générose Ngendanganya, arongoye umurwi w’igihugu CNAP ujejwe kurwanya ikwirakwizwa ry’ibirwanisho bito bito bicira umuriro, ugutunga ibirwanisho muri ubwo buryo ntikwerera ababitunze.