Ku munsi wa kabiri itariki 30 Myandagaro, ni ho hashoboye guhimbazwa mu Burundi umunsi mpuzamakungu wahariwe guturira ibirwanisho, uwo munsi ukaba mu bisanzwe uhimbazwa kw’isi itariki 9 Mukakaro. Ibirori bikaba vyabereye i Bubanza, ku civugo : « Dukorere hamwe mu kurwanya ibirwanisho bitunzwe bitemewe n’amategeko hamwe n’amabi abikomokako ». Mu birwanisho vyasambuwe hakaba harimwo inkoho 212 n’amabombe 210. Ku bwa général-major Générose Ngendanganya, arongoye umurwi w’igihugu CNAP ujejwe kurwanya ikwirakwizwa ry’ibirwanisho bito bito bicira umuriro, ugutunga ibirwanisho muri ubwo buryo ntikwerera ababitunze.
Amakuru
3 septembre 2022