Amakuru
1 décembre 2022

CNAP igiye gutanguza igikorwa c’ugushira ibimenyetso ku nkoho mu Burundi

Igikorwa co gushira ibimenyetso ku nkoho zikoreshwa n’inzego z’umutekano no kwivuna abansi kigiye kubandanya. Ni muri iyo ntumbero hatunganijwe inyigisho, kuri uyu wa mbere, zo gukarihiriza ubwenge abasirikare n’abapolisi bazofasha muri ico gikorwa. Ku bwa Générose Ngendanganya, arongoye umurwi w’igihugu ujejwe kugwanya ikwiragizwa ry’ibigwanisho bito bito, ngo ico gikorwa kizotuma ivyo bigwanisho bidakwiragira mu bantu.