Amakuru
9 novembre 2021

Ugutorana ku bakenyezi gushobora kuba inkomoko y’indyane kubwa Gélase Ndabirabe

Abarundikazi ngo ntibashobora gutorana kubera imico y’Abarundi itabibarekurira. Bishikirizwa na Daniel Gélase Ndabirabe, umukuru w’Inama nshingamateka. Akaba yabishikirije i Muramvya mu mpera z’indwi iheze mu nama yagirishije abaserukira amadini. Daniel Gélase Ndabirabe avuga ko abo bakenyezi bazoronswa ibibakwiye hisunzwe amategeko.