Amakuru
18 février 2022

Inama nshingamateka ntiyemeje icegeranyo ca CNIDH kibuzemwo inyishu z’ibibazo vyabajijwe

Inama nshingamateka yasubije inyuma icegeranyo c’Umurwi wigenga w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu (CNIDH). Uwo murwi ukaba wasabwe gusubira inyuma ukongeramwo ivyo babajijwe n’Inama nshingamateka bitaronse inyishu. Gélase Daniel Ndabirabe, arongoye Inama nshingamateka, yamenyesheje ko ico cegeranyo gitegerezwa kuba cerekana neza ibikorwa mu bisata bimwe bimwe nk’ic’ubutungane n’agateka ka zina muntu, kikerekana neza n’ico amanama yanditse muri ico cegeranyo yashitseko.