Amakuru
4 novembre 2021

Ugutomora ubwicanyi bwabaye ubwo aribwo vyofasha mu kunywanisha

Kwemera kwitirira ubwicanyi bwakozwe mu mwaka w’1972 ko ari ihonyabwoko ryakorewe Abahutu mu Burundi ngo vyotuma Abarundi bamenya ukuri ku vyabaye. Kubwa François-Xavier Nsabimana, arongoye urunani rw’abacitse kw’icumu n’abakozweko n’ihonyabwoko ryakorewe Abahutu mu 1972, ngo vyonafasha cane mu kunywanisha Abarundi. Uwo arongoye urwo runani yongera agasaba ko haba ubutungane ku miryango yabuze.