Amakuru
7 novembre 2023

Ugushira hamwe kw’abakorera mu gisata co gufungura ni wo muti w’ibibazo biri muri ico gisata (PMSAN)

Umugambi witiriwe gukorera hamwe no gutunganya neza ibijanye n’ibifungurwa waratangujwe mu Burundi n’ishirahamwe mpuzamakungu FAO riraba ivy’uburimyi n’ibifungurwa. Hakaba hari ku munsi wa gatanu itariki 3 Munyonyo. Uwo mugambi ukaba ugamije guhuza abakorera bose muri ico gisata kugira bashike kw’ihangiro ry’uko abantu bafungura neza. Bishikirizwa na Dr Célestin Sibomana, umunyamabanga ntayegayezwa w’urwego rw’igihugu rushinzwe gufungura neza (PMSAN). Akavuga ko gukorana kw’aberwa n’ico kibazo ari yo nyishu ku bibazo bijanye no gufungura.