Agriculture
23 novembre 2023

Ikigega BAD kigiye gutanga amafaranga yo gukwiragiza amazi meza mu ntara 8 (Audace Niyonzima)

Intara umunani, ari zo : Gitega, Kayanza, Cibitoke, Rutana, Ruyigi, Cankuzo, Mwaro na Bubanza zigiye guhabwa amazi meza. Ivyo bikazoca mu mugambi uzofatwa mu mugongo n’Ibanki ya Afrika BAD ku mafaranga imiliyoni 13 z’amadolari y’Abanyamerika, ukazokurikiranwa n’ishirahamwe mpuzamakungu FAO. Umushikiranganji w’Ikigega ca leta, Audace Niyonzima, akavuga ko uwo mugambi uzonafasha mu kuvomera neza imirima kugira uburimyi na bwo butere imbere.